Ikirundi
From Wikipedia, the free encyclopedia
Ikirundi ni ururimi ruvugwa n'abantu barenga imiriyoni icenda. Be n'igifaransa, ikirundi ni ururimi rwemewe n'amategeko kandi rukoreshwa mu gihugu c'Uburundi. Ururimi rw'ikirundi turusanga ruvugwa mumpande zose z'igihugu c'uburundi. Ikirundi gishaka gusa n’ikinyarwanda (mumvugo no munyandiko), ururimi rw’Abanyarwanda, kigashaka gusa kandi n’igiha be n'igihangaza, indimi zivugwa muri Tanzaniya cane cane kumbibe ivyo bihugu bihana. Ikirundi nirwo rurimi kama ruvugwa mu Burundi, rukavugwa mumpande zose z'igihugu c'Uburundi.
Ikirundi ni ururimi ruri mu ndimi zo muri afrika bantu. Rwubatswe n'amajambo kama be n'amajambo yatiwe muzindi ndimi zibanyi nk'igiswahiri be no mu ndimi z'abakoroni (igifaransa n'ikidagi) rukagengwa n'amategeko y'indimburo. Inyandiko y'ikirundi ikoresha indome ndatini, ni ukuvuga indome z'ikiratini. Cokimwe n'izindi ndimi, kumenya kuvuga ikirundi, kucandika, kugitahura be n'indimburo vy'ikirundi bisaba kuvyiga.