Gitega
From Wikipedia, the free encyclopedia
Remove ads
Intangamarara
Gitega, ni intara iri hagati mu gihugu c’Uburundi[1], kandi kuva mu 2019 yagenwe n’amategeko kuba umurwa mukuru wa politique w’igihugu. N’ubwo Bujumbura igisigura kuba umurwa mukuru w’ubutunzi, Gitega ifise uruhara rukomeye mu buzima bwa politike, umuco n’iterambere ry’igihugu[2].

Umurwa mukuru wa politike w'igihugu c'uburundi, ico gisagara kikaba ari igisagara kigira kabiri mu bunini mu Burundi. Muri ico gisagara tuhasanga Ingoro Ndangamico y'Uburundi na Arkidiyosezi ya Gitega.

Remove ads
Imiterere rusangi ya Gitega
Gitega ni intara iri hagati mu gihugu, ifise ibisagara cumi na bitatu (13) bikwiye, harimwo n’igisagara ca Gitega, cari umurwa mukuru wa kera w'Abami b’Uburundi. Isi ndimwa iyo ntara ni nziza ku biterwa, ifise imisozi myiza, ibiyaga bito, n’ibibira. Ikirere caho kiri hagati y’ubushuhe n’ugukanya, akenshi kuwumaze kuhagera, kumurango harashuha mwijoro hagakanya, bituma uburimyi n’ubworozi bishoboka neza.
Remove ads
Igisagara ca Gitega
Igisagara ca Gitega ni co kibanza nyamukuru ca administration ya politique mu gihugu. Ni ho usanga ibiro bikuru vya Reta, harimwo Ibiro vya Perezida, Inama nshingamateka, n’ibindi bigo vya Leta. Kuva vyemewe ko Gitega iba umurwa mukuru wa politique, harafashwe ingingo zitandukanye kugira iterambere rijane n’ico kibanza kiranga igihugu, ibikorwa, bimwe bimwe vyahora bikorerwa kumurwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura birimurwa biduganwa Igitega.
Remove ads
Uko Gitega yagiye iba umurwa mukuru wa politique
Mu mwaka wa 2018, Inama nshingamateka y’Uburundi yarize, yemera umugambi wo gusubiza umurwa mukuru wa politique i Gitega, ivyo bikaba vyarashingiwe kuri kahise k’igihugu aho Gitega yabaye umurwa mukuru w'igihugu kuva kera. Perezida Pierre Nkurunziza yarabishize mu ngiro mu ntango za 2019.
Iri hinduka ryafatiwe kandi ku mpamvu z’iterambere ry’uburere hagati mu gihugu, iringanizwa rishasha ryintara zigize uburundi, n’ugutuma igihugu kitibanda gusa kuri Bujumbura nk’igice kinini c’ubutunzi.
Intara zavuye kuri 19 zija kuntara 5 arizo: Gitega, Bujumbura, Buhumuza, Butanyerera, Burunga.
Imuco n’akaranga
Gitega ni imwe mu ntara zifise kahise gakomeye mu Burundi. Ni ho hasanzwe Ingoro y’imico n'akaranga (Musée National de Gitega), ikibanza gifise intonde z’ivyegeranyo vy’akahise, Imico, n’ibikoresho vyakoreshwa kera. Hariho kandi umurwi w’Ingoma z’Uburundi, waserukira igihugu kw’isi yose.
Ibikorwa vy’iterambere
Mu mpera z’umwka wa 2010, harabonetse ibikorwa vy’iterambere muri Gitega harimwo:
- Kwubaka amabarabara n’ibibuga
- Kwagura amashure n’amavuriro
- Gutunganya inyubako nshasha za Leta
Naho biri uko, haracari ibibazo vy’ukuntu ibikorwa bijana buhoro n’iterambere ry’igisagara. Abanyagihugu baracavugako hakenewe ibikorwa vyihuta mu bijanye n’imigenderanire, isuku, n’ibikoresho rusangi.
Inyuma y’ijisho – Imigambi n’icizere
Ubutegetsi buvuga ko imigambi y’igihe kirekire, izotuma Gitega iba koko igisagara ca politike kijanye n’igihe, kandi kigatuma n’utundi turere two hagati mu gihugu dutera imbere.

Inkomoko
Wikiwand - on
Seamless Wikipedia browsing. On steroids.
Remove ads